Israel - Hamas: Amerika yemeye ko amadrone yayo aguruka mu kirere ca Gaza

MQ-9 Reaper

Ahavuye isanamu, AFP

  • Umwanditsi, Na Max Matza
  • Igikorwa, BBC News

Reta Zunze Ubumwe za Amerika yemeye ku ncuro ya mbere ko amadrone yayo ya maneko atagira ibirwanisho azunguruka ikirere ca Gaza.

Umuvugizi wa Pentagon (ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika) Jenerali de Brigade Pat Ryder avuga ko aya madrone ari mu rwego "rwo gushigikira utwigoro two kurondera abanyurujwe”.

Mw’itangazo rigufi yavuze ati: "Aya madrone yatanguye kuguruka inyuma y’igitero ca Hamas kuri Israel co ku wa 07 Gitugutu [10]”.

Amerika yemeye ibi nyuma y’uko abanyamakuru babonye indege zitagira abadereva ku mbuga ngurukanabumenyi zikurikirana ingendo z’indege.

Itangazo rya Pentagon ryo ku wa gatanu rivuga riti: "Amerika ifise amadrone yayo atagira ibirwanisho mu kirere ca Gaza, mu kugira inama no gufasha incuti yacu ya Israel mu gikorwa cayo co kurondera abanyurujwe”.

Amerika yemeye ibi inyuma y’aho abanyamakuru baboneye kuri Flightradar24, urubuga ngurukanabumenyi rukurikirana ingendo z’indege, indege zo mu bwoko bwa MQ-9 Reapers, zisanzwe zikoreshwa n’ingabo zidasanzwe za Amerika, zizunguruka Gaza.

Amadrone ya Reaper aramaze kurungikwa gukora ibitero vyo mu kirere muri Afghanistan, ariko akoreshwa cane cane mu bikorwa vya maneko kubera ubushobozi bwayo bwo kubandanya “ayerera” mu kirere mu masaha arenga 20 mu mwanya umwe.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Abategetsi ba Amerika batavuzwe amazina babwiye ikinyamakuru New York Times ko aya madrone atariko arafasha mu bikorwa vya gisirikare vya Israel hagati no mu micungararo ya Gaza. Abategetsi babwiye iki kinyamakuru ko amakuru ajanye n’abanyurujwe ahabwa Abanya-Israel.

Izi si zo ndege zonyene z’igisirikare ca Amerika zigendeshwa mu buryo bwa telekomande (télécommande/remote-controller) zikorera mu karere.

Ku wa kane w’indwi iheze, igisirikare ca Amerika kirwanira mu kirere catangaje ko carekuye ibisasu vyarashwe bivuye mu bwato bwihuta butagira umudereva mu mazi mpuzamakungu yo mu kiyaga ca Arabia (mer d’Arabie/d’Oman/Arabian Sea).

Mw’itangazo, igisirikare kirwanira mu mazi cavuze ko irekurwa ry’ibi bisasu ku wa 23 Gitugutu (10) bwari bwo bwa mbere ibisasu vy’intambara birasirwa muri drone yo mu mazi mu Buko bwo Hagati.

Igisirikare ca Amerika kirwanira mu kirere kivuga ko iki gikorwa gishira inguvu z’igisirikare ca Amerika ku “rundi rwego”.

Mu kwezi guheze, igisirikare ca Amerika cavuze ko cakoroye amadrone atari make n’ibisasu vya rokete vyarashwe biva muri Yemen bisa n’ivyariko bitera bija muri Israel.

Amerika yarungitse kandi amato abiri yikorera indege z’intambara mu buko bwa Mediterane, ikavuga ko yarungitsweyo mu ntumbero yo kubuza ko intambara hagati ya Israel na Hamas ikwira akarere kose.

Mw’ijambo ry’uburakari yashikirije ku wa gatanu, umukuru w’umuhari Hezbollah wa Libani/Lebanon yagabishije Amerika ko yokwirinda gukoresha amato mu gutera uno muhari w’abarwanyi.

Hassan Nasrallah ati: "Amato yawe muri Mediterane ntaduteye ubwoba kandi ntazokwigera adutera ubwoba”.