Uburusiya buvuga ko amadrone arenga 100 ya Ukraine yateye uburere butandukanye bw'igihugu

Ahavuye isanamu, EPA
Igisirikare c'Uburusiya kivuga ko Ukraine yakoze ibitero vya za ndege zitajamwo abadereva (drone) zirenga 100 mu burere butandukanye mu Burusiya.
Ku mugwa mukuru Moscou mw'ijoro ryakeye 'drones' za Ukraine zatumye ibibuga vy'indege vyugarwa amasaha atari make ku mvo z'umutekano.
Ariko mu nyuma bivamwo birugurura, nk'uko ishirahamwe Rosaviatsia rikurikiranira hagufi ibijanye n'ingendo z'indege mu Burusiya rivibuga ku rubuga rwa Telegram.
Umukuru w'igisagara ca Moscou, Sergei Sobyanin, yavuze ku mbuga hwaniro ko nibura ama-drone 19 yari "avuye ku mpande zitandukanye" yasambuwe ataragera muri iki gisagara.
Avuga ko bimwe mu bisigarira vyayo vyakorokeye muri rimwe mu mabarabara makuru yo mu gisagara, ariko ko ata wapfuye canke ngo akomereke.
Ukraine ntaco irabivugako. Ariko umukuru w'igisagara ca Kharkiv avuga ko Uburusiya na bwo nyene bwakoze igitero c'ama-drone muri iki gisagara mw'ijoro ryakeye, hamwe kandi no mu karere ka Kyiv.
Buramatari w'intara ya Odesa muri Ukraine, Oleh Kiper, avuga ko umuntu umwe yishwe mu gitero ca drone, akavuga ko ama-drone 20 ari yo yakoreshejwe mu bitero vyamaze amasaha arenga abiri.
Ribaye ijoro rigira kabiri ryikurikiranije Uburusiya buvuze ko Ukraine yabuteye ikoresheje ama-drone – ku wa mbere, ubushikiranganji bw'Uburusiya bujejwe kwivuna abansi bwavuze ko bwari bwasambuye ama-drone 26 ya Ukraine mw'ijoro.
Amakuru ataremezwa yandikwa n'abandika amakuru ya gisirikare ku mbuga ngurukanabumenyi mu Burusiya avuga ko ibiyo vy'amadirisha y'inzu y'uburaro mu bumanuko bwa Moscou vyamenaguritse.
Hampande ya Moscou, hari n'abandi bakuru b'ibisagara vy'Uburusiya, harimwo Penza na Voronezh, na bo nyene bavuga ko vyatewe n'ama-drone muri iri joro ryakeye.
Kuva Uburusiya butanguje intambara yeruye kuri Ukraine, haraciye imyaka itatu, Kyiv (ubutegetsi bwa Ukraine) iramaze kurekurira ama-drone atari make ku Burusiya. Igitero ca mbere kinini yakoze mu kwa gatatu kw'uno mwaka cishe abantu batatu.

Ahavuye isanamu, Reuters
Ibi bibaye inyuma y'amakuru y'ejo ku wa mbere yavuga ko Ukraine yari yasubiye kugerageza kwinjira mu ntara ya Kursk mu Burusiya.
Kyiv ivuga ko yakubise ikigo c'ingabo zikoresha ama-drone mu ntara ya Kursk ku wa Mungu hafi y'ikigwati ca Tyotkino mu Burusiya, nk'uko bivugwa n'ibiro bikuru vy'igisirikare ca Ukraine.
Muri Ndamukiza (4), Moscou (ubutegetsi bw'Uburusiya) yatangaje ko yabohoje intara yose ya Kursk, inyuma y'amezi icenda yari aheze ingabo za Ukraine zikoze igitero mu buryo giturumbuka, catumye zigarurira uturere twayo. Kyiv ishimangira ko igifise ingabo zigikorera hakurya y'umupaka.
Muri Kursk kandi, abategetsi b'Uburusiya batangaza ko ikigo c'umuyagankuba mu gisagara ca Rylsk catakaje umuriro ku wa mbere inyuma y'aho cononekariye mu gitero ca Ukraine.
Ivyuma bibiri bihindura umuriro (transformateurs) ku kigo ca Rylsk vyari vyononekaye, nk'uko bivugwa na buramatari mfatakibanza wa Kursk, Alexander Khinshtein, mu butumwa yanditse ku rubuga hwaniro rwa Telegram.
Yongeyeko ko abana babiri b'imiyabaga bakomerekejwe n'ibipande vy'ico giturika.
Abatari bake mu bandika amakuru ya gisirikare ku mbuga ngurukanabumenyi mu Burusiya banditse kandi ko ingabo za Ukraine zagerageje kumenera muri ico kigwati, aho basohoye amasanamu - ariko gushika ubu akaba atarahinyuzwa na BBC – y'imodoka ziriko zimenera mu mitego yo kuzibira ibimodoka vy'intambara bitamenwa n'amasasu asanzwe (chars/tanks) ku mupaka.
Ku wa mbere, ingabo za Ukraine zararashe ibisasu vya misire hakurya y'umupaka zongera ziramenera mu turere dutezemwo ibisasu vyo mu kuzimu (mine) ziri mu mamodokari adasanzwe, nk'uko vyandikwa n'aba bandika aya makuru ya gisirikare ku mbuga ngurukanabumenyi.
"Umwansi yabomoye ibiraro akoresheje vya muzinga mw'ijoro, yongera akora n'igitero akoresheje ingabo zikoresha imodoka z'intambara zitamenwa n'amasasu asanzwe mu gatondo", vyandikwa na RVvoenkor, umwe mu bakoresha izi mbuga, asubirwamwo n'itororokanirizo ry'amakuru Reuters.
"Ibimodoka bisambura amamine vyatanguye guca amayira muri utwo turere dutezemo amamine, bica bikurikirwa n'imodoka zitamenwa n'amasasu zuzuye ingabo. Intambara zikomeye zirabandanya ku mupaka".
Buramatari wa Kursk, Alexander Khinshtein, ahejeje gutangaza ko abantu batatu bapfiriye muri ibi "bitero" vya Ukraine muri iyo ntara.
Mw'itangazo ry'ejo ku wa mbere, Ukraine yagize iti: "Amezi icenda kuva igitero ca Kursk gitanguye, ingabo za Ukraine ziracabandanya zikorera ku butaka bw'intara ya Kursk mu Burusiya".
Mu gihe Moscou ataco iratangaza ku mugaragaro, bamwe muri aba bandika kuri izi mbuga ngurukanabumenyi basohoye kandi amakarata yerekana ingabo zihanganye n'igisirikare c'Uburusiya ziriko zigerageza kujabuka umupaka zinjiriye mu turere tubiri amaja ahitwa Tyotkino – hafi y'ahari ca kigo c'ingabo zikoresha ama-drone caterwa.
Hagati aho, mu ntara ya Sumy – ku birometero vyababa 12 uvuye i Tyotkino mu buraruko bushira uburengero bwa Ukraine – abategetsi baho basavye abanyagihugu kuva mu bibanza bibiri, nk'uko bitangazwa na Reuters.
Ukraine yatanguye igitero muri Kursk mu buryo giturumbuka muri Myandagaro (8) 2024 mu ntumbero yo gushinga akarere kigenga no gukingira Sumy n'imicungararo yayo, yizeye kandi ko cari kuyifasha mu biganiro vyari kuba.