Wari uzi ko amadrone akoreshwa n’Uburusiya muri Ukraine yahinguwe mu bikoresho vya Amerika?

Ahavuye isanamu, Reuters
Ikinyamakuru CNN co muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika candika indege zitagira abadereva (drone) z’ubwiyahuzi zikoreshwa n’Uburusiya muri Ukraine buzihawe na Iran zakozwe hakoreshejwe ibikoresho vyakozwe n’amahinguriro yo muri Amerika.
Ibikoresho vyahinguwe n’amahinguriro arenga cumi n’abiri yo muri Amerika no mu bihugu vy’uburengero ni vyo vyatowe muri drone imwe gusa yakorowe mu mezi aheze muri Ukraine, nk’uko biri mu cegeranyo c’igendereza rya Iran cahawe CNN.
Umuvugizi w’umurwi w’igihugu ujejwe umutekano, Adrienne Watson, yabwiye CNN ko ubutegetsi bwa Amerika buriko burihweza ingene bworwanya ihingurwa ry’izi ndege zitagira abadereva biciye mu bihano, igenzurwa ry’ibidandazwa bishorwa hanze, no kuvugana n’amakompanyi y’abikora ku giti cabo ibikoresho vyayo vyakoreshejwe mu guhingura izi ndege.
Ati: “Turiko turiga izindi ngingo dushobora gufata mu vyerekeye ibishorwa hanze kugira ngo tuzibire imihora Iran ishobora kuronkeramwo ubuhinga bukoreshwa mu guhingura amadrone”.
Haraciye igihe Uburusiya bukoresha indege z’ubwiyahuzi zitagira abadereva mu bitero vyabwo muri Ukraine, ku mugwa mukuru Kyiv no mu bindi bisagara bikuru bikuru, indege zo mu bwoko bwa Shahed zihingurwa na Iran.
Mu ntango Iran yabanje guhakana ko itigeze iha Uburusiya izo ndege ariko mu nyuma ivamwo iremera ko hari indege nk’izi yahaye Moscou, ariko ikavuga ko hari imbere y’uko iyi ntambara itangura.
CNN yandika ko Maison Blanche/White House (Ibiro vy’umukuru w’igihugu wa Amerika) mu kwezi guheze yashinze umurwi wo kwihweza ukungene ubu buhinga bwa Amerika n’ibindi bihugu vyo mu Burengero bwashitse mu minwe ya Iran.
Nk’uko bibandanya vyandikwa na CNN yisunze ico cegeranyo, mu bikoresho 52 biri mu bigize drone yo mu bwoko bwa Shahed-136 ya Iran vyegeranijwe n’abanya-Ukraine, 40 bisa n’ivyahinguwe n’amakompanyi 13 atandukanye yo muri Amerika.
Ibindi 12 vyahinguwe n’amakompanyi yo muri Canada, Ubuswisi, Ubuyapani, Taiwan, n’Ubushinwa, nk’uko biri muri ico cegeranyo.
Ikindi cigwa gitandukanye n’iki cakozwe n’ikigo c’igendereza Conflict Armament Research co mu Bwongereza ku madrone ya Iran yarashwe muri Ukraine, casanzwe 82% ry’ibikoresho vyakoreshejwe mu guhingura izi ndege vyavuye mu makompanyi yo muri Amerika.
Iki kinyamakuru candika ko ata vyemezo vyerekana ko hoba hari n’imwe muri aya makompanyi yoba yararenze ku bihano Amerika yafatiye Iran ikayiha n’ibigirankana ubuhinga bwayo bwo guhingura izi ndege.
Iki cegeranyo c’igendereza rya Ukraine ni icemezo kindi c’uko, n’aho yafatiwe ibihano, Iran ibandanya ironka ubuhinga ikeneye mu guhingura ibirwanisho vyayo.
Akarorero gatangwa na CNN ni uko nk’iyi kompanyi Iran Aircraft Manufacturing Industries Corporation (HESA) yahinguye iyi drone yakorowe, iri mu bihano yafatiwe na Amerika kuva mu 2008.