Ukraine: US igabisha ko Iran itegura guha Russia indege za drones

Drones

Ahavuye isanamu, IRANIAN ARMY/GETTY IMAGES

Iran itegura guha Uburusiya za ndege zitagira abadereva, zizwi nka drones, zishobora kuba ziharurwa mu majana, mu ntambara yabwo muri Ukraine, zimwe muri zo zikaba zifise ubushobozi bwo gukoreshwa mu ntambara, nk’uko umutegetsi wo muri Amerika abivuga.

Jake Sullivan, umuhanuzi wo mu biro bikuru vy’umukuru w’igihugu, Maison Blanche/White House, mu vyo umutekano w’igihugu, avuga ko amakuru Reta Zunze Ubumwe za Amerika yaronse yerekana ko Irani iriko itegura kwigisha ingabo z’Uburusiya gukoresha izi drones.

Avuga kandi ko bitaramenyekana neza nimba Irani yaramaze kuzitanga.

Izi ndege zitagira abadereva zifise uruhara runini mu ntambara ibandanya ku mpande zompi, ni ukuvuga kuri Ukraine n’Uburusiya.

Mu ndwi iheze, Ukraine yasavye imfashanyo y’ibihumbi vya drones kugira ziyifashe mu ntambara yayo.

Sullivan avuga kandi ko amakuru y’itohoza Amerika yaronse ashigikira iciyumviro c’uko igitero c'Uburusiya mu buko bwa Ukraine "gitwara uburyo bwinshi mu kubungabunga ibirwanisho vyabwo”.  

Avuga kandi ko izi ndege za Irani zitagira abadereva zakoreshejwe imbere y’aha n’inyeshamba z’aba Houthi bo muri Yemen mu gutera Arabie Saoudite/Saudi Arabia.

Amajambo yiwe ashikirijwe imbere y’uko Perezida wa Amerika Joe Biden agendera Israel na Arabie Saoudite muri ino ndwi.

Nta na kimwe muri ibi bihugu bibiri kirinjira mu bihugu vyafatiye ibihano Uburusiya kubera intambara bwatanguje muri Ukraine.

Israel ibona igihugu ca Irani nk’akaga nyamukuru mu karere, na rirya gisaba ko ifutwa.

Amerika n’incuti zayo bamaze gufashisha Ukraine ibirwanisho bifise agaciro k’imiriyaridi zitari nke z’amadorari y’Abanyamerika kuva igitero gitanguye mu kwa kabiri.

Sullivan avuga ko Amerika izobandanya “ishigikira cane igisata co kwivuna abansi ca Ukraine”.