Ukraine yafashe ingabo z'Ubushinwa zifasha igisirikare c'Uburusiya

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Jessica Rawnsley
- Igikorwa, BBC News
Ingabo za Ukraine zafashe Abashinwa babiri barwana ku ruhande rw'igisirikare cabwo mu ntara ya Donetsk iri mu buko bwa Ukraine, nk'uko bitangazwa na Perezida Volodymyr Zelensky.
Ejo ku wa kabiri, yavuze ko igendereza ryerekana ko igitigiri c'abasirikare b'Ubushinwa bafasha igisirikare c'Uburusiya ari kinini cane "gusumba aba babiri".
Umushikiranganji wa Ukraine ajejwe imigenderanire Andrii Sybiha avuga ko ingabo z'Ubushinwa zirwanira ku butaka bwa Ukraine "zituma umuntu yibaza vyinshi ku vyo Ubushinwa bwari bwatangaje ko bushigikiye amahoro", akongerako y'uko intumwa yabwo i Kyiv yatumweko kugira ngo itange insiguro.
Ni bwo bwa mbere Ukraine yagirije ku mugaragaro Ubushinwa ko buha Uburusiya abasirikare. Bwaba Uburusiya canke Ubushinwa, nta ruhande na rumwe ruragira ico rushikirije kuri ibi birego.
Mw'itangazo yacishije ku rubuga rwa X, Zelensky avuga ko aba basirikare b'Ubushinwa bafatiwe mu ntara ya Donetsk iri mu buko bwa Ukraine bafise n'ibibaranga, harimwo amakarata ya banki arimwo "amakuru y'ibanga" yabo.
Ingabo za Ukraine zahanganye n'abasirikare batandatu b'Ubushinwa zifatamwo mpiri babiri, nk'uko abivuga.
Iri tangazo ryaherekejwe na videwo yerekana umwe muri aba bavugwa ko ari abasirikare b'Ubushinwa bafashwe yambitswe amapingu, avuga ururimi rw'iki Mandarin co mu Bushinwa, asa n'uwuriko aravuga ivy'intambara yaheruka.
Ati: "Turafise amakuru avuga ko hari abandi Bashinwa benshi mu turere twigaruriwe gusumba aba babiri".
Zelensky yongerako y'uko "kubona Ubushinwa bwinjiye gufasha Uburusiya, buri kumwe n'ibindi bihugu, haba mu buryo butaziguye canke buziguye, muri ino ntambara y'i Bulaya, ni ikimenyetso kigaragara ko Putin afise umugambi wo gukora ikintu ico ari co cose kiretse uguhagarika".
Uno mukuru w'igihugu ca Ukraine asaba "Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Ubulaya, n'ibindi bihugu vyose kw'isi vyipfuza amahoro" kugira ico bikoze.
Amatohoza arabandanya, aba bafashwe mpiri bakaba bapfungiwe mu gasho muri Ukraine, nk'uko abivuga.

Ahavuye isanamu, EPA
Ejo ku wa kabiri, umuvugizi w'ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire, Tammy Bruce, yavuze ko aya makuru "ateje amakenga".
Yongerako ko Ubushinwa ari kimwe mu bihugu bifasha cane Uburusiya mu ntambara yabwo muri Ukraine, akavuga ko butanga ibikoresho bikoreshwa mu buryo bubiri nk'ibikoresho bifasha mu kunyonga ubwato, ivyo mu buhinga bwa none hamwe n'ibikoresho vy'indege.
Umushikiranganji wa Ukraine ajejwe imigenderanire avuga ko yatumyeko uwurongoye ibiro vy'ubukizi (chargé d'affaires) vy'Ubushinwa i Kyiv kugira ngo atange insiguro.
Mu butumwa yacishije kuri X, Andrii Sybiha yagize ati: "Turiyamirije twivuye inyuma uruhara rw'abanyagihugu b'Ubushinwa mu ntambara y'Uburusiya muri Ukraine, hamwe n'ingabo zabwo guhangana n'ingabo za Ukraine ku rugamba".
Yongerako y'uko iyi ngendo "ituma umuntu yibaza vyinshi ku vyo Ubushinwa buvuga ko bushigikiye amahoro" kandi ko icizere abantu bafitiye Pékin/Beijing nk'umunywanyi w'Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw'isi gitakara.
Ikinyamakuru co mu Bufaransa Le Monde carigeze kwandika ko catoye amakonte yababa 40 yo ku rubuga rwa Douyin rukorana na TikTok – rukaba ruri mu Gishinwa gusa – amakonte y'Abashinwa bavuga ko biyandikishije mu gisirikare c'Uburusiya.
Korea ya Ruguru yararungitse ibihumbi vy'ingabo gufasha Uburusiya mu ntambara yabwo muri Ukraine, nk'uko vyemezwa na Kyiv n'abategetsi b'ibihugu vy'Uburengero.
Mu kiganiro n'abanyamakuru ejo ku wa kabiri, Zelensky yagize ati: "Ariko hari ubudasa: ingabo za Korea ya Ruguru zaturwanije ku rubuga rw'intambara muri Kursk, iz'Ubushinwa ziriko zirwanira ku butaka bwa Ukraine".
Muri Nzero (1), Ukraine yavuze ko yafashe ingabo zibiri za Korea ya Ruguru zari zakomerekeye mu ntara ya Kursk mu Burusiya.
Mu gihe Pékin na Moscou bifitaniye ubucuti bwa hafi mu vya poritike n'ubutunzi, Ubushinwa bugerageza kwiyerekana ko ataho bwegamiye muri iyi ntambara kandi bukaba bubandanya buvuga ko ata bikoresho vya gisirikare buha Uburusiya.
Kimwe mu bintu nyamukuru bifashije Uburusiya muri iyi ntambara ni ibitigiri binini vy'ingabo. Hari amakuru avuga ko Moscou ikoresha amayeri yo "kuzitangako igitambo" mu kurungika ibitigiri vy'umurengera ku rugamba, nyinshi muri zo zigapfa ariko buke buke zikagenda zikomeza ibirindiro vyazo.
Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya yatanguje intambara yeruye kuri Ukraine mu 2022, ubu bukaba bugenzura hafi 20% vy'ubutaka bwa Ukraine, igice hafi cose kikaba kiri mu buko.
Hagati aho, ibitero vy'Uburusiya hakoreshejwe za ndege zitajamwo abadereva (drone) vyabandanije mw'ijoro ryakeye, aho abantu 14 bakomeretse mu gisagara ca Dnipro muri Ukraine, hamwe n'abandi babiri i Kharkiv, mu buraruko bushira ubuko, nk'uko bivugwa n'abategetsi b'akarere. Hadutse imiriro itari mike muri ibi bisagara bibiri.