Amatora mu Burundi: CENI iti 'yagenze neza', CNL nayo iti 'yaranzwe n'utunenge tuyatesha agaciro'

Umukuru w'umurwi ujejwe gutegura no guhagararira amatora mu Burundi avuga ko amatora yaraye abaye yagenze neza muri rusangi, nubwo habaye utunenge ariko "twatorewe umuti".

Mw'itangazo yasomye amatora ari mu kurangira, Prosper Ntahorwamiye aremeza ko hari utunenge dutoduto ariko tutabujije ko amatora abandanya.

Ati: "Ego ni vyo hariho utunenge dutoduto, udutosi twagiye turajamwo, kuko nk'uko mubizi nta vyama vyera de, hanyuma ngo 'nta mwonga ubura isato, iba idahizwe".

Bamwe mu batavuga rumwe n'umugambwe uri ku butegetsi, nk'umugambwe CNL, uvuga ko amatora yaranzwe n'utunenge twinshi tuyatesha agaciro.

Ejo ku wa 05 Ruheshi 2025 mu Burundi, ni ho abanyagihugu binjira mu matora y'abashingametaka, abakenguzamateka, abajenama b'amakomine n'abakuru b'imitumba.

Muri utu tunenge Ntahorwamiye yashize ahabona, harimwo nk'umurwi w'abarorerezi b'Ubumwe bwa Afrika avuga ko boba babujijwe n'uwurongoye ibiro vy'itora bimwe biri mu gisagara ca Bujumbura kuyakurikirana, "nkaba mbere ndabisabiye imbabazi".

Ati: "Twavyumvise ntiturabitohoza, ariko ari nka hamwe vyoba ari vyo, nk'umurwi CENI...tubaye turabisabira imbabazi...uwo mukuru w'ibiro vy'itora yabikoze ku gahanga kiwe ntawabimutumye, tubisabiyeko imbabazi...".

Ayandi makenga abantu boba baragize ajanye n'uko muri aya matora ata maradiyo umurwi CENI washize ku biro vy'amatora kugira ngo agende ashikiriza ibiriko bibera ku biro vy'amatora, nk'uko vyahoze bigenda mu matora yo mu myaka iheze.

Ntahorwamiye ati: "Umurwi CENI warabigeze urabigeranura, urarimbura ingene amatora yo muri kahise yagenda araba. Twasanze n'ukuri ivy'amaradiyo ku biro vy'itora bitakiri nkenerwa cane, kuko ubu uburyo bwo guhanahana amakuru bwarateye imbere.

"Hariho uburyo bwo guhanahana amakuru mu buhinga bwa none, nta mutumba mu Burundi utagira iradiyo. Barya bantu rero bose dukorana, twiyumviriye ubundi buryo bw'uguhanahana amakuru mu rupfasoni kandi bugashika ku bo vyerekeye.

"Murazi ko ubuhinga bwa none bwateye imbere, hariho ama-WhatsApp, imbuga hwaniro n'ibindi; uburyo bwarateye imbere, nta kibazo bigiteye".

Mu tundi tunenge avuga ko bumvise ni nk'ivyavugwa ko hari abantu bagiye gutorera abandi bafise 'procurations' zirenga imwe, abatorera aho batiyandikishirije, cane cane i Bujumbura ariko aha akabishima kubera benshi bari "abanyeshure b'amakaminuza bari biyandikishirije ruguru", abandi nabo bakaba ari "abasirikare benshi bari i Bujumbura ku mvo ngirango benshi dushobora kwibaza".

Ntahorwamiye yavuze ko utunenge twose twoba twaribonekeje twatorewe umuti.

'Ibivugwa na CNL ni ububeshi' - Bizimana wa CENI

Hagati aho, nta kinini yavuze ku bivugwa n'umugambwe CNL utavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi, aho uvuga ko amatora "yaranzwe n'utunenge twinshi dutesha agaciro ibizoyavamwo".

Mw'itangazo wasohoye inyuma y'ibikorwa vyo gutora ku mugoroba w'ejo, uno mugabwe ushira ahabona utut tunenge turimwo ko "amatora atabaye mw'ibanga kubera abinjira mu tuzu tw'itora bagenda baherekejwe kandi bagategekwa gutora umugambwe uri ku butegetsi, intumwa zacu zirukanywe zikabuzwa kuja ku biro vy'amatora bitandukanye", nk'uko biri muri iri tangazo ryateweko igikumu na Leopold Hakizimana, umunyamabanga mukuru w'uno mugambwe.

Utundi tunenge umushingamateka Hakizimana ashira ahabona ni "abatora incuro nyinshi bikurikiranya canke ata 'procuration bafise', kwaka abantu amakarata y'itora bagaca babatorera, amakarata y'itora yatangwa yaramaze guterwa igikumu c'umugambwe uri ku butegetsi, hamwe n'ipfungwa rya bamwe mu baserukizi bacu.

"Turavye ivyo vyose, umugambwe CNL urababajwe no kubona amatora yo ku wa 5 Ruheshi 2025 yaranzwe n'utunenge twinshi dutesha agaciro ibizoyavamwo ugasaba abayateguye kuvyemanga".

Ibi ni vyo vyari vyashikirijwe n'uno mugambwe ku rubuga rwa X igihe amatora yari akibandanya, aho François Bizimana ajejwe kumenyesha amakuru mu murwi CENI abihakana, akaba yabwiye BBC Gahuzamiryango ko bagiye bahinyuza ivyavugwa vyose, kandi ko basanze "ari ububeshi".

Mu gihe umurwi CENI uvuga ko inkuru zose baronse baca bazikorerako, CNL ivuga ko ibandanya "yegeranya ibintu bidasanzwe vyaranze amatora", umunyamabanga w'uno mugambwe, Terence Manirambona, akaba yabwiye BBC ko vuba bazoshira ahabona ivyemezo.